2020: Abanyamakuru benshi mu gihome

Ukwigenga mu kumenyesha amakuru kurabangamiwe ku Isi nzima, mu gihe abategetsi biyemeje gucecekesha no gufunga abanyamakuru batangaza ibyo badashaka, cyangwa bitabanyura , nkuko ishyirahamwe ryishinze uburenganzira bw’abanyamakuru ku Isi, Committee to Protect Journalists-CPJ ribitangaza.

Ishyirahamwe CPJ rivuga ko abanyamakuru  274 bari muri gereza zitandukanye ku Isi.  Ibihugu by’Ubushinwa, Turukiya, Misiri na Arabiya Sawudite nibyo biza ku isonga mu bihugu bitorohereza abanyamakuru. Ibaye imyaka itanu yikurikiranya hatangwa raporo z’abanyamakuru  barenga 250 bafunzwe nkuko biri mu nkuru dukesha VOA.

Umuyobozi w’ishami kivugira abahohotewe muri CPJ, Courtney Radsch, avuga ko umwaka wa 2020 ubaye mubi cyane mu mibare y’abanyamakuru bafunzwe kuko wabayemwo icyorezo cya Covid-19. Abanyamakuru bashinjwa kuba baratangaje amakuru y’ibinyoma kuri icyo cyorezo . Avuga kandi ko ari bo bambere bafungwa mu bihe by’imyigaragambyo.

Muri uyu mwaka wa 2020, abanyamakuru bagera  kuri 34 barafunze  bashinjwa ibinyoma, benshi  ni abo muri Misiri aho imibare yerekana ko abagera 22 kuri 27 bashinjwa ibyo batakoze.

Muri Irani, abanyamakuru 15 barafunzwe bahorwa akazi kabo. Umwe muri bo ni Roohollah Zam, wishwe ku musi wa gatandatu i Teherani ahorwa ngo yahamagariye abaturage kurwanya ubutegetsi mu 2017.

Stephane Dujarric, umuvugizi w’umunyamabanga mukuru wa ONU, yavuze kuri uyu wa kabiri ko António Guterres atewe impungenge n’ibiri muri iyo raporo y’iryo shyirahamwe ryishinze uburenganzira bw’abanyamakuru, CPJ.

Mu Rwanda hagiye havugwa abanyamakuru bakoreshaga imbuga nkoranyambaga zirimo youtube bamaze igihe bafungiye muri gereza ya Kigali iri i Mageragere.

Hejuru ku ifoto :Abashigikiye umunyamakuru wo muri Somaliya yafunzwe Abdiaziz Ahmed Gurbiye, basaba ko arekurwa (Ifoto/VOA)