COVID-19: Ibihugu bikize birateganya guha ibikennye akayabo k’inkingo

Ibihugu bikize ku Isi byemeye gutanga inkingo (doze) za COVID-19 zisaga miliyari kuri bihugu bikennye ku Isi.

Muri iyi gahunda Amerika biciye mu ijwi rya Perezida Biden yemeye gutanga inkingo zigera ku bihumbi 500 ku bihugu 92 bikennye. Biden yabivuze mbere y’inama ihuza ibihugu bikize G-7 itangirira mu Bwongereza kuri uyu wa gatanu mu Bwongereza.

Izo nkingo zizatangira gutangwa mu kwezi kwa munani, nkuko Perezida Biden yabivugiye mu mujyi wa Cornwall, mu Bwongereza kuri uyu wa kane. Yongeyeko ko inkingo miliyoni 200 zizatangwa mu mpera z’uyu mwaka, izindi miliyoni 300 mu gice cya mbere cy’umwaka wa 2022.

Minisitiri w’intebe w’Ubwongereza, Boris Johnson kuwa kane na we yasezeranyije kuzatanga impano z’inkingo ku bihugu bikenye.

Uretse gutanga izo nkingo, ibihugu bigize G7biri gushaka uko byaha uburenganzira ibindi bihugu bwo gukora izo nkingo.

Inkingo miliyari ku bihugu bikennye

Minisitiri Boris Johnson yiteguye ko ibihugu bikize byibumbiye muri G7 bitanga inkunga y’inkingo zisaga miliyari. Ni doze zizatangwa ku bihugu bikennye. Izi nkingo zizaba zarangiye gutangwa mu mpera z’umwaka utaha.

Ibi bitangajwe mu gihe , ishami rya Loni rishinzwe ubuzima-OMS/WHO ryakomeje gushinja ìbihugu bikize kwiharira inkingo za Covid-19 bikabangamira umugambi COVAX wo guha inkingo ibihugu bikennye.

Ivomo: Reuters na VOA

0Shares

Leave a Reply

Your email address will not be published.